caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Israa, Verse 71

Mecca · revelation order 50 · 17:71

يَوْمَ نَدْعُوا۟ كُلَّ أُنَاسٍۭ بِإِمَٰمِهِمْ فَمَنْ أُوتِىَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ فَأُو۟لَٰٓئِكَ يَقْرَءُونَ كِتَٰبَهُمْ وَلَا يُظْلَمُونَ فَتِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ibuka umusi w’izuka, igihe Twarengukije umugwi umwumwe w’abantu hamwe n’indongozi yawo bumvira kw’isi bakayikurikira; uwuzogira amahirwe rero akaba muri nya mugwi ari umweranda, maze agahabwa n’igitabu c’ivyo yakoze mu kuboko kw’ukuryo, uyo azoba ari mu bantu bazosoma igitabu cabo bahimbawe n’akamwemwe kenshi. Abo rero, ntibazorenganywa na gato ku ndishi y’ivyo bakoze, n’aho koba akantu kanzunya kangana n’akanyuzi kari ku nda y’urutete rw’itende.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70