caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Israa, Verse 51

Mecca · revelation order 50 · 17:51

أَوْ خَلْقًا مِّمَّا يَكْبُرُ فِى صُدُورِكُمْ فَسَيَقُولُونَ مَن يُعِيدُنَا قُلِ ٱلَّذِى فَطَرَكُمْ أَوَّلَ مَرَّةٍ فَسَيُنْغِضُونَ إِلَيْكَ رُءُوسَهُمْ وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هُوَ قُلْ عَسَىٰٓ أَن يَكُونَ قَرِيبًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke muhinduke ikindi kiremwa mubona ko gihambaye cane, nta kibuza ko muzozuka”. Umaze kubabwira ivyo, muri ico gihe bazokwinamura bahakana, bati: “Ni nde yodusubiza ubuzima twaramaze gupfa!”. Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Imana Allah Yabaremye na mbere, ni Yo Izobazura Ikabasubiza ubuzima”. Nibumva iyo nyishu, bazozungagiza umutwe bitangaza, baheze bavuge bati: “None iryo zuka ry’ibiremwa, rizoba ryari!?”. Uraheza ubishure uti: “Mwobibwirwa n’iki ko kumbure iryo zuka ry’ibiremwa riri hafi kugera!”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70