وَجَعَلْنَا عَلَىٰ قُلُوبِهِمْ أَكِنَّةً أَن يَفْقَهُوهُ وَفِىٓ ءَاذَانِهِمْ وَقْرًا وَإِذَا ذَكَرْتَ رَبَّكَ فِى ٱلْقُرْءَانِ وَحْدَهُۥ وَلَّوْا۟ عَلَىٰٓ أَدْبَٰرِهِمْ نُفُورًا
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTugaheza Tugasibanganya n'imitima yabo igacika agatimatare biturutse ku bugaba bwabo, ntibaheze ngo banyurwe na Qor’ani, Tukaziba n’amatwi yabo maze ntibumvirize Qor’ani ngo igire ico ibunguye; n’iyo uyaze Imana yawe Rurema muri Qor’ani, urarikira ko Yosengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa, baca birabira hirya bakagenza umugongo bahunga iryo rarikwa ryo gusenga batabangikanya Imana Imwe Rudende Allah.