وَلَئِنْ أَذَقْنَا ٱلْإِنسَٰنَ مِنَّا رَحْمَةً ثُمَّ نَزَعْنَٰهَا مِنْهُ إِنَّهُۥ لَيَـُٔوسٌ كَفُورٌ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Duhonjeje umuntu ku mpuhwe zacu inema yo kuroranirwa, akagira amagara n’umutekano, n’ibindi nk’ivyo, bwaca Tukamwaka nya nema, araheza agaca acika intege akarangwa n’umwiheburo atwihakana ku nema Twamuhaye.