وَجَآءَهُۥ قَوْمُهُۥ يُهْرَعُونَ إِلَيْهِ وَمِن قَبْلُ كَانُوا۟ يَعْمَلُونَ ٱلسَّيِّـَٔاتِ قَالَ يَٰقَوْمِ هَٰٓؤُلَآءِ بَنَاتِى هُنَّ أَطْهَرُ لَكُمْ فَٱتَّقُوا۟ ٱللَّهَ وَلَا تُخْزُونِ فِى ضَيْفِىٓ أَلَيْسَ مِنكُمْ رَجُلٌ رَّشِيدٌ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero abantu baza banyaragasa kwa Luutwi, bakaba bahora bari mu bipfuza abagabo ha kwipfuza abagore, Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje[12] ndababashingize, ni bo mukwiranye; nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje, ubwo muri mwebwe ntihagiramwo umuntu n’umwe w’inararibonye yobabuza gukora iryo bara?”.