فَقَالُوٓا۟ أَبَشَرًا مِّنَّا وَٰحِدًا نَّتَّبِعُهُۥٓ إِنَّآ إِذًا لَّفِى ضَلَٰلٍ وَسُعُرٍ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze barinamura bavuga bati: “Bishoboka gute ko dukurikira umuntu umwe nkatwe ata n’ico yodukangisha, kandi ari twe turi benshi! Mu vy’ukuri, hamwe twomukurikira, ni ukuri twoba turi mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri, mbere twoba turi n’abasazi!