قُل لَّا يَعْلَمُ مَن فِى ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ ٱلْغَيْبَ إِلَّا ٱللَّهُ وَمَا يَشْعُرُونَ أَيَّانَ يُبْعَثُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Nta n’umwe mu biremwa biri mu majuru no kw’isi azi ibinyegejwe ibiremwa, atari Imana Allah Yo Yonyene gusa, eka na nya biremwa ntibizi n’igihe bizozukirako;