ٱلَّذِينَ يَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَيَبْغُونَهَا عِوَجًا وَهُم بِٱلْـَٔاخِرَةِ هُمْ كَٰفِرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbaburagiza abantu gukurikira inzira y’Imana Allah, bagashaka ko nya nzira igorama ku vyipfuzo vyabo, kandi bagahakana bivuye inyuma ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa;